Iyi ndwara y’amara ni imwe mu ndwara isinzikaje abatari bake mbere bamwe ikabananira no kumenya kuko bayitiranya na amibe,abandi bakayitahura nabi nico gituma benshi uzokwumva bayita igisigo.
*AMARA NI IKI?*
Ni igihimba ngira kamaro kuko arico gitunganirimwo infungurwa zavuye Mu mushishito kandi ugasohora imyanda hanze.
Amara ari ubwoko bubiri:
* Urura ruto(intestin grêle)
* Urura rukuru (côlon)
Urura ruto tujejwe kunoza infungurwa zavuye mumushishito zitaranoga kandi rugatuma zinjira mumaraso (absorption intestinale).
Urura rukuru narwo rujejwe gufata infungurwa zitinjiye mumaraso(umwanda mukuru) kuzorosha no kuzisohora kuko aba ari imicafu.
Ni aho mu rura rukuru iyi ndwara y’amara ifatira.
*IBIMENTETSO VYAYO*
Iyo ndwara yibasira urura rukuru igaheza ikarusinzikaza,ibimenyetso vyayo nibi:
* Kwama umuntu yuzuye inda,indya yariye ntizihoke (ballonnements).
* Kwumva ibintu biduma kandi bibomboranira munda ( flatulences) ari navyo bamwe bita igisigo.
* Gusohora imisuzi (mumbabarire nabuze irindi jambo ryurupfasoni nkoresha) buri kanya.
* Kugumbiza (constipation) umuntu atirwaye akamara igihe ataja ku mwanda mukuru canke ugacibwamwo,biza birakurakuranwa
* Kwakaka munsi y’umukondo birengeje.
Hari n’ibindi bimenyetso bishobora kubiherekeza nka:
* Ububabare Mu mugongo canke kubibero (Racine des cuisses)
* Kumeneka umutwe igice kimwe (agasate canke migraine),kubura itiro,kubabara mugihe co guhuza ibitsina ku bagore,uruhagarara,kubabara mukaziba k’inda,gutakaza ibiro kuri bamwe,….
*NIKI WOKORA?*
Muvyukuri ni indwara ibabaza ariko ishobora kuvurwa hakoreshwe imiti kama.
 ufise ico kibazo,witurondera tukagufasha kendi turizeye tudakeneranya ko nimwafata kurutonde umuti kama,mukagendera impanuro n’indero twababwiye,nta nkeka muzokira musigare muri ibishingantahe kubandi.
*WhatsApp:*
69478646
*Téléphone*
69478646
*niwaheza gusoma ubu butumwa uraburungikira abandi bakire*
Recent Comments